Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imigwi ishamiranye yagirizwa ivyaha vyo mu ngwano muri Sudani Yepfo
Icegeranyo c'umuryango mpuzamakungu Onu ku bwicanyi bubera i Yei muri Sudani Yepfo, kivuga ko hari ivyaha vyo mu ngwano bishobora kuba vyarakozwe.
Kivuga ko inteko ziyoboka Prezida Salva Kiir hamwe n'uwo batavuga rumwe Riek Machar arizo zobazwa ku mabi yakozwe hagati y'ukwezi kw'indwi 2016, n'ukwezi kwa mbere kw'uno mwaka.
Onu ivuga ko abasivile aribo bahigwa, bakicwa kubera ubwoko bwabo, amazu n'amaduka bigaturigwa, ivyo bigatuma ibihumbi vy'abanyagihugu bahunga.
Imigwi y'abitwaje ibigwanisho iguma ihohotera abanyagihugu iyo bahunga baca mw'ishamba, bagiye kurondera ubuhungiro mu gihugu ca Uganda.