Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abapolisi baguye mu gitero c'umwiyahuzi muri Afuganistani
Abapolisi umunani bahitanywe n'igitero c'umwiyahuzi mu bumanuko bwa Afuganistani inyuma yaho imodoka itwaye ibisasu iturikiye kw'ibariyeri hafi y'ibiro bikuru vy'igipolisi mu ntara ya Kandahar.
Umugwi w'aba Talibani wemanze ico gitero.
Mu kwezi kw'icumi abasirikare barenga 50 ba Afuganistani barishwe muri mwenubwo buryo mw'ikambi iri muri ako karere.
Ibitero ku nteko z'umutekano bimaze igihe vyiyongeye muri ano mezi make ya vuba.