Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisasu cishe bane mw'isoko muri Afuganistani
Ubutegetsi bwo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Afuganistani bwavuze ko niburiburi abantu bane bapfuye, abarenga 10 barakomereka inyuma y'igisasu catewe mw'isoko mu gisagara ca Khost.
Abapfiriye mur'ico gitero atawuramenya uwagikoze, ngo bose ni abasivile.
Imbere yaho mu gihugu kibanyi ca Pakistani, umutegetsi hamwe n'abapolisi bane bishwe n'ikibombe catezwe kw'ibarabara ahitwa Bajaur.
Ntawamenye uwateze ico kibombe, ariko umugwi w'aba Talibani wo mu gihugu ca Pakistani, wamye uhagabira ibitero uhiga abategetsi bo muri leta muri kahise.