Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca bombe cahitanye benshi muri Afghanistani
Abantu boba bashika 20 bishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomerekera mu gitero cabereye mu ntara ya Helmand, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Abateye bitwaje ibigwanisho binjiye muri banke, hakaba hariko haraba intambara n'abajejwe umutekano, nk'uko bishikirizwa n'ikinyamakuru ca Tolo.
Abanyagihugu n'abajejwe umutekano bari mu bapfuye.
Ntawuriyitirira ico gitero ariko aba taliban hamwe n'umugwi wa Islamic State baragize ibitero nk'ivyo vyahitanye abantu benshi mu mezi ya vuba aheze.
Umuvugizi w'igipolisi gikorera muri ako karere ka Helmand, Salam Afghan yabwiye BBC ko uwateye ico kibombe yiturikirijeko ivyo yari yambaye ku muryango w'ishami rishasha rya Kabul bank
Ibitaro vyakira ababaye cane i Helmand na vyo nyene vyemeje ko hari ibiziga 20 n'abakomeretse 50 bamaze gushikanwa muri ivyo bitaro. Abakomeretse cane bagumijwe mu bitaro, nk'uko bimenyesha na BBC ishami rya Afghan