Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abataliban bafashe umuji ukomeye muri Afghanistan
Abajejwe intwaro muri Afghanistan bamenyesha ko abarwanyi b'Abataliban bafashe umuji ukomeye mu ntara ya Kunduz iri mu buraruko bw'igihugu.
Vyatumye abasirikare ba leta baca bava muri uwo muji, usanzwe ariwo murwa mukuru w'intara ya Kunduz.
Bavuga ko ubukene bw'amasasu hamwe no kubura abafasha biri mu vyatumye umuji wa Khanabad ufatwa.
Abataliban bavuga ko bafashe uwundi muji wa Hesarak mu ntara ya Nangarhar, ku birometero nk'amajana atanu werekeza mu bumanuko bwa Kunduz.
Abajewe intwaro ariko babihakanye bavuga ko aribo bakigenzura uwo muji.