Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibisasu vyaturitse vyishe abantu 80 i Kabul muri Afuganistani
Ibisasu vyatezwe mw'ikamyo vyaturikiye mu kare kagwiriyemwo ibiro vy'ubuserukizi bw'ibihugu i Kabul muri Afuganistani, vyica abantu 80, bikomeretsa 350.
Iyo kamyo yaturikiye hafi ya "Zanbaq Square" aho umutekano usanzwe warakomejwe, benshi mu bakomeretse bakaba abasivile.
Ivyo bisasu vyaturitse abantu bariko baja ku kazi vyari bifise inguvu nyinshi mu gihe vyaturikije amadirisha n'imiryango ku metero amajana.
Abatalibani bahakanye ko batagavye ico gitero, nta n'ijambo ryavuye mu mugwi wa leta y'iki Islamu, Islamic State.
Iyo migwi ukwo ari ibiri niyo imaze igihe igaba ibitero muri ico gihugu.
Umushoferi akorera BBC muri Afuganistani, Mohammed Nazir, yaguye muri ico gitero.
Iyo kamyo yaturitse 08:25 (isaha ya Afuganistani).
Imodoka zisanzwe z'abanyagihugu nizo zatwara abakomeretse kwa muganga, munyuma imiryango yabuze ababo ikaja kubarondererayo.