Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero c'umwihevyi cishe 8 i Kabul muri Afuganistani
Igitero c'umwihevyi cibasiye imiduga ya Otan mu gihugu ca Afuganistani, cishe abantu umunani mu gisagara ca Kabul, niko ubutegetsi bwavuze.
Abapfuye ni abasivile, nkuko umuvugizi wa leta yavuze. Abandi 25 barimwo abanyamerika batatu bakomeretse.
Ico gitero cibasiye imiduga y'abasirikare, cabereye hafi y'ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika hakiri kare mu gitondo.
Umugwi wiyita Leta y'iki Islamu, Islamic State (IS) wemanze ico gitero.
Uwo mugwi uri muri Afuganistani kuva mu 2015 kandi umaze kwemanga ibitero vyinshi vyakozwe mu gihugu.