Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 30 bishwe ku bitaro vya Kabul
Abantu 30 bishwe mu gitero cakozwe n'abantu biyambitse umwambaro w'abaganga ku bitaro binini vyo muri Kabul, niko ubutegetsi bwa Afuganistani bwavuze.
Abagwanyi bafise inkoho n'amagerenade binjiye mu bitaro babanje guturitsa gerenade imwe mu bwinjiriro, munyuma bugurura umuriro ku bakozi no ku barwayi.
Abasirikare bo mu murwi w'aba "commandos" bururukiye kw'idari ry'ibitaro Sardar Daud, nibo bahavuye bica abo bagwanyi bane, babanje gutana mu mitwe amasaha menshi.
Umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu "Islamic State" (IS) wemanze ico gitero.
Umurwi w'aba Talibani wamenyesheje ko utagifisemwo uruhara.
Abantu barenga 50 bakomeretse, niko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze.
Prezida Ashraf Ghani yavuze ko ico gitero cibasiye ibitaro bifise ibitanda 400, ko "cahonyanze agaciro ka kiremwa muntu".
"Mu madini yose, ibitaro bifatwa nka ntahangagwa, kubitera ni nko gutera igihugu cose ca Afuganistani," niko yavuze.
Ico gitero catanguye isaha zitatu zo mu gitondo (04:30 GMT). Umwe mu bakozi yashoboye guhunga yabonye umwe mu bateye "yambaye ikoti yera afise inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov arasa uwo bahuye wese, harimwo abaraba abarwayi, abarwayi ubwabo hamwe n'abaganga".