Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 29 bishwe n'ibombe iruhande y'ibanki muri Afuganistani
Niburiburi abantu 29 bapfuye abandi 60 barakomereka inyuma yaho ibombe iri mu modoka iturikiye iruhande y'ibanki mu ntara ya Helmand mu gihugu ca Afuganistani, niko ubutegetsi bwavuze.
Igipolisi cabwiye BBC ko iyo bombe yaturikiye kw'irembo ry'ibanki New Kabul Bank, ahitwa Lashkar Gah.
Abasivile hamwe na bamwe mu bajejwe umutekano bari mu bahitanywe n'iyo bombe.
Nta muntu canke umugwi uremanga ico gitero, ariko abatalibani hamwe n'umugwi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" nibo bamaze bagaba ibitero muri ano mezi ya vuba.
Umuyobozi bw'ibitaro vya Lashkar Gah, Mawladad Tabedar, yabwiye BBC ko igitigiri c'abapfuye canke bakomeretse gishobora kuduga.