Prezida wa Peru yahatswe gukurwa ku butegetsi azira igiturire

Mu matora yabaye mu nama nshingamateka asabwe n'abatavuga rumwe na reta, prezida wa Peru, Pedro Pablo Kuczynski yahatswe gukurwa ku butegetsi yagirizwa igiturire.

Abatavuga rumwe na we bavuga ko adakwiye kuba muri ico kibanza kubera yoba yarakiriye igiturire c'ishirahamwe rimwe ry'ubwubatsi ryo muri Brezil, Odebrecht.

Inyuma y'impari ndende zamaze amasaha arenga cumi n'atatu, Kuczynski yarusimvye ku majwi umunani gusa.

Mu bintu bitangaje, abashingamateka benshi batavuga rumwe na reta nta co babivuzeko, mu ri rusangi abashingamateka 21 bakaba bashimye kutagira ico babivugako.

Ku mbuga ngurukanabumenyi, Prezida wa Peru yavuze ko ikingi kiringo gishasha co gusubiza hamwe gishobora kuba gitanguye muri ico gihugu.