Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urwanda rwasohoye itangazo ryo guca Shisha muri ico gihugu
Igihugu c'Urwanda cafashe ingingo yo kubuza kunywa itabi riba riri mu gikono rivanze n'amazi rizwi kw'izina rya Shisha kuva kuri uyu wa gatanu, nk'uko bimenyeshwa n'itangazo ry'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.
Umushikiranganji Diane Gashumba yavuze ko iryo tegeko rishasha rikurikiye impanuro z'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu (OMS) ryasanze Shisha " yonona amagara y'abantu, bidakunda kuyiheba wayitanguye kandi imerera nabi abantu".
Shisha igenda ikundwa cane n'abakiri bato ku mugabane wa Afrika.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu yabujije ibikorwa vyo kumenyekanisha Shisha avuga ko hashobora gufatwa ibihano ku bantu batazokwubahiriza iryo tegeko rishasha.
Urwanda rubaye igihugu ca kabiri muri Afrika kibujije Shisha inyuma ya Tanzania.