ONU yashoboye gutwara abimukira 25 mu baheze muri Libya

Ahavuye isanamu, Reuters
ONU ivuga ko mu gikorwa ca mbere ikoze nk'ico, yashoboye gukura muri Libya abimukira bamerewe nabi mirongo ibiri na batanu ibimurira muri Niger.
Benshi muri bo ni abagore n'abana, bakaba bava mu bihugu vya Eritreya, Etiyopiya na Sudani.
Abimukira bashaka kuja i Buraya, bahendwa n'ababajabukana hamwe n'abandi bagizi ba nabi muri Libya, mu gihe ico gihugu kirimwo akajagari gakomeye kuva Muamar Khaddafi agandaguwe mu 2011.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, rivuga ko rizofasha abo ryimuriye muri Niger mu gihe higwa ikibazo co kubimurira mu bindi bihugu.






