Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagirizwa kunywa amaraso muri Malawi bariko baricwa
Igipolisi muri Malawi kimaze gufata abantu barenga ijana na mirongo ine, mu bijanye n'ibitero bigabwa ku bantu bagirizwa kunywa amaraso y'abandi.
Abantu bashika umunani baramaze kwicwa mu ndwi nkeyi ziheze bagirijwe kunywa amaraso y'abantu.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarakuye abakozi baryo mu bice bimwe vy'igihugu kubera imvo z'umutekano.
Vyibazwa ko hari abakoresha amaraso y'abantu mu bikorwa vy'ubupfumu kugira baronke ubutunzi.
Ico gihuha bivugwa ko catanguriye mu gihugu kibanyi ca Mozambique, gikwiragira mu bice vyinshi vya Malawi.