Abashigikiye Sankara basaba ubutungane nyuma y'imyaka 30

Abishe Thomas Sankara ntibaracirwa urubanza nyuma y'imyaka 30

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abishe Thomas Sankara ntibaracirwa urubanza nyuma y'imyaka 30

Amajana y'abantu bagize imyiyerekano ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou, basaba ubutungane kw'iyicwa ry'uwahoze ari umukuru w'igihugu Thomas Sankara.

Uno munsi niho hakwira, umunsi ku wundi, imyaka mirongo itatu Bwana Sankara agandaguwe.

Mu mwanya muto yamaze ku butegetsi, Bwana Sankara yarwanije ubukene, igiturire hamwe n'ubukoroni bwihishe, ariko kandi yaragirijwe gutwaza umukazo.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko Sankara akiri akororero ku mamiriyoni menshi y'Abanyafrika.

Baise Compaore arakekwa

Abashigikiye Thomas Sankara i Ouagadougou basaba ubutungane kw'igandagurwa ryiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Thomas Sankara i Ouagadougou basaba ubutungane kw'igandagurwa ryiwe

Abamwishe itariki 15/10/1987 gushika ubu ntibaracibwa urubanza.

Umugabo yamusubiriye ku butegetsi, Blaise Compaore, ubu aba mu buhingiro muri Cote d'Ivoire, yasohorewe umutahe mpuzamakungu wa kumufata mu bijanye n'iyicwa rya Bwana Sankara.

Soma ibindi kuri Burkina Faso: