Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyamanswa yari yugaje uruganda rwa SUZUKI yahavuye ifatwa
Inyamanswa yateye mu ruganda rwa SUZUKI, yabonetse ubwa mbere mu gatondo ko ku munsi wa kane, mu micungararo, ivyatumye igice kimwe c'abakozi barwo bari gukora ijoro bataha.
Mu gitondo co kuri uyu wa gatanu, abakozi baharugwa mu bihumbi batonze ku ruganda rwa SUZUKI bategetswe kuguma hanze y'uruzitiro.
Ico gihe abakozi bo mu gisata kijejwe kubungabunga ibidukikije bari mu ruhigi rw'ico gikoko bafatanije n'abapolisi 50.
Ico gikoko cabanje gusinzirizwa kimaze guhendeshwa inyama mbisi.
Urwo ruganda rwa SUZUKI rusohora imodokari zigera kuri miriyoni ku mwaka.
Amakanda y'iyo nyamanswa yagaragaye mu kibanza co guteranirizamwo imoteri.
Amatati hagati y'abantu n'ibikoko atera yiyongera mu Buhinde, aho igabanuka ry'amashamba rituma ivyo bikoko bivogera mu mihana y'abantu.
Hari ingwe zigereranywa hagati ya 12,000 na 14,000 mu Buhinde, kandi ku munsi hicwa nk'imwe.
Mu mwaka uheze hari igisamangwe cateye mw'ishure, kimara amasaha 10 kiriko kirahigwa ngo gisubizwe mu ruhongore-kama, ariko ata ndwi iheze congera gutoroka.