Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Obama yahuriye n'umuganwa Harry kurorera inkino muri Canada
Muri Canada mu muji wa Toronto, Barack Obama n'umuganwa wo mu Bwongereza Harry, bahuriye kuraba umukino wa basketball mu mahiganwa y'abamugariye ku rugamba -Invictus Games.
Invictus Games, inkino zihuza abamugariye ku rugamba, zatangujwe n'umuganwa Harry mu 2014.
Umuji wa Toronto wakiriye inkino zigira gatatu za Invictus, nayo iza mbere zabereye mu muji wa London mu 2014.
Umuganwa Harry yari yaherekejwe n'umutambukanyi wa perezida, Melania Trump mu birori vyo kugurura izi nkino.
Ico gihe niho yerekanye umukunzi wiwe Meghan Markle ubwa mbere ku mugaragaro.
Obama amaze guhura incuro zirenga imwe n'umuganwa Harry, ubwa mbere bahuriye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika mu 2015, ikindi gihe hari mu 2016, basangirira ku kirimba Kensington Palace.
Umuganwa Harry yatanguje inkino za Invictus Games mu ntumbero yo gufasha abakomerekeye ku rugamba kwinagura mu buryo bw'umubiri no mu vyiyumviro.
Imigwi ituruka mu bihugu 17, igizwe n'abakinyi 500, niyo yagize uruhara muri aya mahiganwa muri iyi ndwi muri Canada.