Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Itariki y'amatora muri Kenya yahinduwe
Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Kenya (IEBC), yatangaje ko amatora agira kabiri y'umukuru w'igihugu azoba itariki 26 ukwezi kwa cumi.
Wafula Chebukati yari yasavye mu ntango ko amatora yokogwa itariki 17 z'ukwezi kw'icumi.
Yavuze ko uguhindura iyo tariki bigiye gutuma akanama arongoye "gatunganya amatora nkuko Sentare Ntahinyuzwa ivyipfuza".
Abacamanza bavuze ko amatora yo kw'itariki 8 ukwezi kw'umunani ko "ata muco wayaranzwemwo kandi ko atashobora guhinyuzwa".