Itariki y'amatora muri Kenya yahinduwe

Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Kenya (IEBC), yatangaje ko amatora agira kabiri y'umukuru w'igihugu azoba itariki 26 ukwezi kwa cumi.

Wafula Chebukati yari yasavye mu ntango ko amatora yokogwa itariki 17 z'ukwezi kw'icumi.

Yavuze ko uguhindura iyo tariki bigiye gutuma akanama arongoye "gatunganya amatora nkuko Sentare Ntahinyuzwa ivyipfuza".

Abacamanza bavuze ko amatora yo kw'itariki 8 ukwezi kw'umunani ko "ata muco wayaranzwemwo kandi ko atashobora guhinyuzwa".