Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Sentare Ntahinyuzwa yidogeye umugwi w'amatora IEBC
Sentare Ntahinyuzwa ya Kenya yataye umwikomo ku mugwi ujejwe gutunganya amatora IEBC, ku ngingo yafashe yo kugira impfagusa amatora yarasubije ku butegetsi Uhuru Kenyatta ku kiringo ca kabiri.
Abacamanza bavuze ko amatora yabaye itariki 8 ukwezi kw'umunani ko "atakozwe ku mugaragaro kandi ko atashobora guhinyuzwa".
Icegera c'umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa, Philomena Mwilu, yavuze ko IEBC itabanje guhinyuza ivyavuye mu matora imbere yuko ibitangaza.
Bwana Kenyatta yaronse amajwi 54% kuri 44% y'uwo bari bahanganye, Raila Odinga.
Madamu Mwilu avuga ko IEBC idashobora gusigura ingene itashoboye kurungika ku buryo bwa "électronique" ivyegeranyo 11000 vy'ivyavuye mu matora.
Uwo mupfasoni yavuze kandi ko IEBC itubahirije ivyo sentare yayisavye ngo hasuzumwe uburyo bwa "électronique" bwakoreshwa mu kurungika ivyavuye mu matora.
Abo muri Sentare Ntahinyuzwa bavuga ko ata kundi bari kugira, atari ukugira impfagusa ivyavuye mu matora.
Urunani NASA rurongowe na Raila Odinga nirwo rwashingishije urubanza ruvuga ko Raila yibwe ko ariwe yari yatsinze, ko IEBC itakurikije amategeko mu gikorwa cose c'amatora.