Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika Yepfo: Amatora yo mw'ibanga kuri Jacob Zuma
Abashingamateka ba Afrika Yepfo bemerewe gutorera mw'ibanga mu kwemeza canke guhakana ku cizere k'umukuru w'igihugu Jacob Zuma ku munsi wa kabiri, niko umuvugizi w'inama nshingamateka yamenyesheje.
Baleka Mbete yasohoye iyo ngingo inyuma yaho imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ishingishirije urubanza muri sentare ijejwe imanza zerekeye ibwirizwa shingiro.
Bemeza ko mu gihe ayo matora akorewe mw'ibanga, ko hari abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi "African National Congress" (ANC) botora kubiri n'icipfuzo c'umukuru w'igihugu.
Bwana Zuma amaze guhakwa kenshi gukurwako icizere.
ANC iri ku butegetsi bwa Afrika Yepfo kuva aho intwaro y'inkehwa z'abazungu itemberejwe mu 1994, muri kino gihe ikaba ifise abashingamateka benshi mu nama nshingamateka.
Umushingamateka wa ANC, Makhosi Khoza aramaze kugabishwa ko ashobora kwicwa inyuma yaho avugiye ko atazoshigikira Prezida Zuma muri ayo matora.