Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zuma yasimvye imanga y'abashaka kumukura ku butegetsi
Amakuru yaturutse mu kanama karongoye umugambwe National Executive Committee (NEC) kagizwe n'abantu 80 avuga ko umugambi wo kwirukana prezida Zuma ku butegetsi wahakanywe ariko ngo hakaba hari ivyo abari mu nama kuva mu mpera z'indwi iheze bashoboye kwumvikanako, nkuko ikinyamakuru South Africa's Business Day cabitangaje.
ANC itegekanya gushikiriza ibigo vy'itangazamakuru ivyavuye mu nama 12:00 GMT.
Nkuko urubuga ngurukanabumenyi rwa "South Africa's News24"rubishikiriza, Zuma yari kuba ahuye n'ingorane zikomeye za politike kuva aho atorewe kurongora ANC.
Yarahanganywe n'abo atwara muri reta barimwo abashikiranganji, uwujejwe igisata c'abakerarugendo, uw'ibikorwa remezo hamwe n'uw'ubuvuzi, niko canditse.
Zuma amaze igihe kirekire aregwa ku bijanye na ruswa, icegeranyo ca vuba kikamwagiriza kuba afise imigenderanire n'umuryango utunze cane w'aba Gupta.
Yarahatswe kenshi gukurwako ikizere n'inama nshingamateka ariko kino gihe bwari ubwa mbere ANC yiga ico kibazo ngo ivuge aho ihagaze.
Yaba Zuma canke aba Gupta barahakanye ko hoba hari ikibi kibagira.