Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare ya Afrika y'epfo yarekuye gutora mw'ibanga irukanwa rya Zuma
Sentare nkuru yo muri Afrika y'epfo yaciye urubanza ko amatora yo gukura ku butegetsi prezida Zuma ashobora kuba mu mwiherero.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yavuze ko umukuru w'inama nshingamateka afise uburenganzira bwo gutegegeka ishirwa mu ngiro ry'iyo ngingo.
Yaheruka kuvuga ko ata bubasha abifitiye.
Imigambwe itavuga rumwe na reta yizeye ko amatora abereye mu mwiherero, abashingamateka bo mu mugambwe wa ANC prezida Zuma akomokamwo, bashobora kumukurako amaboko.
Aramaze kurusimba kenshi mu matora yo kumwirukana ku butegetsi.
Prezida Zuma amaze kwagirizwa ibintu vyinshi, uhereye ku biturire ukaja no kwishingwa rya reta nshasha yaranzwe n'iyirukanwa mu mabanga yiwe umushikiranji w'ikigega ca reta yubashwe cane.
Ashikiriza iyo ngingo ya sentare, umukuru w'intahe Mgoeng Mgoeng yavuze ko yishimikije ingene ubutegetsi butegerezwa gutandukana, ari umukuru w'inama nshingamateka ategerezwa gufata ingingo y'ingene amatora ategerezwa kugenda.
Umukuru w'inama nshingamateka, Baleka Mbele, ni umutegetsi akomeye wa ANC, akkaba yaravuze ko amategeko agenga inama nshingamateka atarekura ko amatora abera mu mwiherero.
Iyindi tariki woberako amatora yo gukura prezida ku butegetsi igiye gusubira kwihwezwa.
Ku vyerekeye amatora yo kuba batakimwizeye, Prezida Zuma aramaze gutsindwa mu manza nyinshi, harimwo urwo kumutegeka kuriha amahera ya reta yakoresheje mu gusubiramwo inzu yiwe i Nkandla.
Ariko igenwa rya reta nshasha ni ryo ryamukozeko cane, aho hariho n'abo mu mugambwe wiwe bamuhamagariye gutanga imihoho.
Ikiringo ciwe kizorangira mu 2019, kandi ANC yiteguye gutora uwuzomusubirira mu mpera z'uyu mwaka.