Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ANC irihweza ikibazo c'uko Zuma yoba ashaka kwibera Dubai
Abakuru mu mugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, bateguye inyandiko igamije kwihweza nimba umukuru w'igihugu Jacob Zuma yokurwako icizere.
Iyo nyandiko yashikirijwe abagize umugwi nyobozi wa ANC mu nama barimwo, itinjiramwo uwo ariwe wese.
Bwana Zuma ntiyorohewe kuva aho hashiriwe ahabona ubutumwa bwa e-mail busa n'ubwerekana ko ariko arihweza kuva muri Afrika y'epfo akaja kwibera i Dubai.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu yiyamirije izo e-mail, avuga ko ari impimbano.
Jaboc Zuma ahanganye n'ibibazo vy'abamusaba gukinjura kubera ivyagiriji vya ruswa hamwe n'ukuntu atunganya ibijanye n'ubutunzi.