Tanzaniya: Abatwara inda ngo ntibaba bigenza nabi

Urunani rw'amashirahamwe 25 yo mu gihugu ca Tanzaniya, yasavye Prezida John Magufuli guhindura aho ahagaze ku bijanye nuko abakobwa bavyaye baciga batosubira mu mashuli.

Mu ndwi iheze, Prezida Magufuli yavugiye mw'ikoraniro ry' abanyagihugu, ko hisunzwe amategeko yo mu gihugu ca Tanzaniya, abagore badakwiye kuba mu mashuli.

"Umaze gutwara inda, biba biheze," niko yavuze.

Mu nama n'abamenyeshamakuru i Dar es Salaam, ayo mashirahamwe yavuze ko abakobwa batwaye inda biga ko bidasigura ko baba badafise indero canke ngo bitwe ko bakoze icaha, ko se w'umwana ariwe akwiye guhanwa.