Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatanzaniya biyamirije Magufuli ku kubuza abigeme bavyaye kwiga
Abatanzaniya benshi biyamirije amajambo Prezida John Magufuli yashikirije avuga ko abakobwa biga bavyaye badakwiye kwemeregwa gusubira mw'ishuli.
Hari urwandiko rwacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rusaba Prezida kuvuguruza ivyo yashikirije.
Bwana Magufuli yagabishije abigeme biga mu gikorane ku munsi wa mbere ati: "Umaze gutwara inda, biba biheze."
Itegeko ryo mu 2002 rivuga ko abakobwa batwaye inda baca birukanwa.
Iryo tegeko rivuga ko abo bigeme birukanwa mw'ishuli ku "vyaha bishingiye ku muco" hamwe "n'ukwubaka".