Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UA irasaba Djibouti na Eritrea kwihanganirana
Umuryango wa Afurika yunze ubumwe - UA - wasabye Djibouti na Eritrea kwihanganirana mu gihe umwuka hagati y'ibihugu byombi utameze neza.
Kuwa gatanu Djibouti yashinje Eritrea kwohereza abasirikare mu karere ibihugu byombi bitumvikanaho kari ku mupaka nyuma yaho abasirikare babungabunga amahoro bo muri Qatar bahavuye.
Qatar bisa nkaho yafashe icyemezo cyo gutahukana abasirikare bayo nyuma yaho Djibouti na Eritrea bigiye ku ruhande rwa Arabia Saudite mu makimbirane ifitanye n'iki gihugu.
Umuryango wa Afurika yunze ubumwe wavuze ko ugiye kwohereza intumwa zo kureba uko byifashe ku mupaka uri hagati ya Djibouti na Eritrea.
Muri 2008 habaye ibikorwa byo gukozanyaho muri ako karere ariko guhera icyo gihe karangwagamo ituze kubera ahanini uruhare rwa Qatar mu guhuza ibihugu byombi.