Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatohoza ya Trump n'Uburusiya: umukwe niwe agezweko
Umukwe akongera akaba n'umuhanuzi wa Prezida Donald Trump, Jared Kushner, ariko arakogwako amatohoza n'ikigo c'iperereza FBI ku migenderanire ya Bwana Trump n'Uburusiya mu matora aherutse, niko itangazamakuru rya Amerika rivuga.
Ayo makuru avuga ko abakora amatohoza bemeza ko afise amakuru y'imvaho yoshikiriza, ariko ngo nta vyaha biriho bimukurikirana.
FBI yihweza niba Uburusiya bwoba bwarivanze mu matora yo mu 2016 kandi ko bwoba bufise ico buhuriyeko n'iyamamaza rya Bwana Trump.
Uwo mukuru w'igihugu arahakana avuga ko ata migenderanire yakoranye na bwo.
Uwunganira mu manza Bwana Kushner, yavuze ko umukiriya wiwe yiteguye gufashanya n'umugwi uwariwo wose utohoza kuri ivyo bintu.
Ibigo vy'iperereza vya Amerika vyemeza ko Moscou yagerageje guhirikira amatora ku ruhande rwa Trump, yahavuye atsinda uwo bari bahanganye w'umu démocrate Hillary Clinton.
Ku bwa Washington Post, abakora itohoza bakurikirana amanama yagiranye n'uwuserukira Uburusiya muri Amerika, Sergei Kislyak hamwe n'umunyabanki aturuka i Moscou, Sergei Gorkov.