Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukwe wa Trump agiye kubazwa ku migenderanire yiwe n'Uburusiya
Umukwe n'umufasha wa Preszida wa Amerika Donald Trump agiye kubazwa n'umurwi ujejwe gutohoza ku migenderanire ya sebukwe n'Uburusiya.
Jared Kushner niwe yisabiye kuvugana n'umugwi w'inama nshingamateka ujejwe iperereza "Senate Intelligence Committee", niko ibiro vy'umukuru w'igihugu, White House, vyavuze.
Wihweza nimba Uburusiya bwarivanze mu matora aheruka mu mwaka uheze, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ibigo bijejwe iperereza muri Amerika biziko Uburusiya bwabuye amabanga igihe c'amatora, mu ntumbero yo gufasha Bwana Trump ngo atsinde Hillary Clinton.
Uburusiya bwarahakanye ivyo bwegekwako, Prezida Trump we yivugira ko ari amakuru y'ibinyoma "fake news".