Ngo 'nta kimenyetso c'ubufatanye bwa Trump n'Uburusiya'

Devin Nunes,umukuru w'umugwi w'inama nshingamateka ujejwe iperereza muri Amerika, avuga ko ata kimenyetso yabonye c'ubufatanye hagati y'Uburusiya n'abari bajejwe gufasha Trump mu gikorwa co kwiyamamaza.

Mu kiganiro yahaye tereviziyo Fox News, umukuru w'uwo mugwi w'inama nshingamateka, yavuze kandi ko ata kimenyetso cerekana ko iwahoze ari umukuru w'igihugu Barack Obama, yoba yaratumye kuneka icicaro gikuru ca Donald Trump, Trump Tower.

Bwana Nunes yashikirije ivyo mu gihe buca umukuru w'ibiro vy'iperereza mu gihugu FBI, James Comey, arenguka imbere y'uwo mugwi kwishura ibibazo bijanye n'ico yoba azi ku kwivanga kw'Uburusiya mu matora aherutse muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.