Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yemeza ko Uburusiya bwafashije Trump mu matora
Inzego zijejwe iperereza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko Uburusiya bwafashije Donald Trump mu matora y'umukuru w'igihugu.
Ibitangazamakuru vyo muri Amerika bivuga ko igipolisi c'igihugu, FBI, hamwe n'ibiro bijejwe iperereza, CIA, vyemeza ata gukekeranya ko hari abantu bakorana n'Uburusiya bahaye urubuga Wikileaks ubutumwa email bwibwe, bw'abategura amatora y'aba Democrates.
Umugwi w'aba Republicain nawo waribwe amakuru ariko yoyo ntiyakwirakwijwe.
Abategura umuzo ku butegetsi wa bwana Trump bavuze ko ayo makuru adashobora kwizerwa.
Uburusiya bwari bumaze guhakana ibindi vyagiriji nk'ivyo vyo kwiba amakuru hakoreshejwe computer, hakoreshejwe uburyo bwitwa hacking mu Congereza.