Trump arashima akigoro ka Xi Jinping kuri Korea ya ruguru

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko ashima akigoro ka Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping mu kurondera inyishu ku kibazo ca Korea ya ruguru.

Donald Trump yavuze kandi ko "ari umuntu mwiza" akunda igihugu ciwe.

Umukuru w'igihugu ca Amerika yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko yipfuza gutorera umuti ikibazo ca Korea ya ruguru biciye mu biganiro, ariko ko bigoye kandi ko bishobora gukwega indyane.

Yavuze kandi ko vyagoranye mu kubona Kim Jong-un ashikirizwa kurongora Korea ya ruguru akiri muto.

Akanama kajejwe umutekano ka Onu gategekanya guhura kuri uno wa gatanu, ngo kihweze ikibazo ca Korea ya ruguru.

Amaze igihe gitoya atowe, Bwana Trump yagirije Ubushinwa kudakora ibikwiye ngo bugarure Korea ya ruguru, avuga ko Amerika izopfuma ivyikorana.

Ariko mu kiganiro na Reuters catandukiye vyinsi, Bwana Trump - yahuye na Xi mu ntango za kuno kwezi - yavuze ko prezida w'Ubushinwa "atipfuza ingwano nuko abantu bapfa".

"Ni umuntu mwiza ubu naramumenye neza.

"Arakunda Ubushinwa kandi agakunda n'abanyagihugu b'Ubushinwa. Ndazi ko atazobura ico akora, ariko kandi ashobora no kutabikora," niko yavuze.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu Rex Tillerson yavuze ko Ubushinwa bwabwiye Amerika ko buzofatira ibihano Korea ya ruguru niyasubira kugerageza ibigwanisho.