Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Trump yagabishije Korea ya ruguru
Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagabishije Korea ya ruguru avugira kuri Twitter ko Pyongyang "yikwegera ingorane".
Yasavye ashimitse Ubushinwa --bucuditse na Korea ya ruguru --gufasha gutorera umuti ico gihugu kibanyi cabwo.
Bwana Trump yavuze ko Beijing yopfundika munyuma amasezerano meza y'ubudandaji na Amerika igihe yoba ibikoze.
Amerika ngo ntizotinya kwitorana inyishu itari kumwe n'Ubushinwa.
Bwana Trump yashikirije amajambo nka mwenayo mu ndwi iheze, muri kino gihe uruhagarara rukaba rumaze kwiyongera.
Amerika imaze iminsi irungitse amato y'ingwano yerekeza ku nkengera ya Korea, ivyo bikaba vyashavuje Korea ya ruguru.