Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa busaba Korea ya ruguru guhagarika igerageza ry'ibigwanisho vya "nucléaire"
Ubushinwa bwasavye ko Korea ya ruguru ihagarika igerageza rya "missiles" n'ibindi bigwanisho vya "nucléaire" mu ntumbero yo guhagarika uruhagarara rwadutse.
Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Wang Yi yavuze ko ku rundi ruhande, Amerika na Korea yepfo boca bahagarika imyimenyerezo ya gisirikare ikogwa ku mwaka, ishavuza Korea ya ruguru.
Ako kamo gatewe inyuma yaho Korea ya ruguru itereye "missiles" zine ku munsi wa mbere, igahonyanga ibihano yafatiwe n'amakungu.
Mu kwishura kuri ivyo, Amerika yaciye itangura gutunganya uburyo bwo kwikingira ibitero vya "missile" muri Korea yepfo.
Umushikiranganji Wang Yi yavuze ko guhagarika ibikogwa vya gisirikare ku mpande zose, yoba intambwe ya mbere mu ntumbero yo kurangiza uruhagarara munyuma hagatanguzwa ibiganiro.