Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibintu 5 Ubwongereza busabwa gukora kugira buve muri EU
Umuryango w'ibihugu vya Buraya watangaje ivyo Ubwongereza butegerezwa gukora imbere yuko bavugana ivy'ukuva mw'uwo muryango n'ingene bokorana hanyuma.
Umukuru w'akanama kagenzura uwo muryango, Donald Tusk, yamenyesheje ibintu bine bikuru: kuraba ingene uburenganzira bw'abanyagihugu b'ibihugu vyari bigize umuryango bwokwubahirizwa; kwirinda ko hagira icononekara bitewe n'amategeko.
Ubwongereza bwasabwe kandi kuriha amahera akenewe kuvyo bwiyemeje vyose no kworohereza abanyagihugu ku mupaka wa Irlande.
Bwana Tusk yavuze ko yizeye ko ibihugu 27 vyagumye mu muryango bizokwihweza mu mezi atandatu nimba hari intambwe izoba yagezweko imbere yuko bivugana n'Ubwongereza ingene imigenderanire igiye kuba.
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Malte, Joseph Muscat, ari naco gihagarariye uburongozi bw'umuryango muri kino gihe, yavuze ko ibiganiro bizoba bishushe ariko ngo nta ngwano izoba.
Yavuze ko yamaze kwemeregwa n'Ubwongereza ko butazitwaza ivyo bufasha mu vy'umutekano mu biganiro.
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande niwe yasavye ko Ubwongereza bwokwumvikana n'umuryango wa Buraya ku vyobanza gukogwa imbere yuko buva muri uwo muryango.
Ivyo yabisavye mu kiganiro yagiranye n'umushikiranganji wa mbere Theresa May ku murongo wa telefone.
Ico gihugu camenyesheje ku mugaragaro ko kivuye mu muryango w'ibihugu vya Buraya-EU, kiwumazemwo imyaka 44.
Umushikiranganji wa mbere Theresa May yavuze ko Ubwongereza bwizeye ko buzogira umubano udasanzwe nk'incuti ya hafi cane y'ibihugu vyo mu muryango wa EU.
Yavuze ko bitoroshe kugera ku masezerano ashimisha impande zose mu gihe c'imyaka 2, ati ariko yumva ko ari ngombwa kwumvikana ku ngingo zotuma haba ugukorana neza.
Theresa May yasavye ko bihutisha kugera ku masezerano y'uburenganzira bw'Abongereza baba mu bihugu biri muri EU, n'abanyagihugu b'umuryango wa Buraya baba mu Bwongereza.
Ino ntambwe ikurikiye amatora kamarampaka yafashwe mu kwezi kwa gatandatu aho abanyagihugu b'Ubwongereza bemeje kuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya.