Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jean-Pierre Bemba yongewe umwaka umwe w'igipfungo
Uwigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba, yongewe umwaka w'igipfungo na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ku vyaha vyiyongeye bijanye n'ibiturire.
Jean-Pierre Bemba yarasanzwe yarakatiwe igipfungo c'imyaka 18 iruhande y'uwo mwaka wiyongeyeko, yagirizwa kandi ugusibanganya ivyagirizo.
Bwana Bemba yategetswe no kuriha ihadabu y'amahera arenga $300 000, ayo mahera akaba azoshigwa mu kigega c'abahitanywe canke bagize ingorane kubera ubwicanyi yagirizwa kiri muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI).
Igihe Sentare yamwumviriza, yaramenye ko Bwana Bemba hamwe na bane mubo bakorana, batanze ibiturire bakoresheje telefone zo mu kinyegero n'imvugo ifobetse, bategeka ivyabona niburiburi 14 ico vyovuga ku bijanye n'ivyaha vy'ubwicanyi bwo mu ngwano yakurikiranwako.
Bwana Bemba, avugwa ko ari mu bantu batunze cane muri Congo kandi b'ijunja, ashobora kurekugwa mu myaka ine uravye igihe amaze apfunzwe hamwe n'ibitegekanijwe kugira ngo umuntu arekugwe imbere y'igihe.