Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arsenal v Bayern: Wenger yidogera umuhagarikizi
Mu gihe abakunzi b'umurwi Arsenal basaba umumenyereza Arsene Wenger gutanga imihoho inyuma y'ugutsindwa na Bayern Munich (5-1), uwo mumenyereza ashira amakosa ku muhagarikizi w'urukino.
Arsene Wenger avuga ko yashavujwe n'umusifuzi inyuma yaho umurwi Arsenal utsinzwe vy'akamaramaza n'umurwi Bayern Munich mw'ihiganwa rihuza imirwi ya Buraya "Champions League" rigira 16.
Inyuma y'urwo rukino, abakunzi b'umurwi Arsenal ntibihanganye, bakaba baguma basaba Arsene Wenger gukinjura bavuga ko ivyo yakoze bikwiye.
Arsene Wenger yagiriza umuhagarikizi w'urukino Anastasios Sidiropoulos kuba yimye "penalty" Arsenal, ariko munyuma ayihereza Bayern Laurent Koscielny agize ikosa kuri Robert Lewandowski.
Koscielny yaciye asohogwa, Arsenal itsindwa munyuma 5-1, uteranije n'ivyo mu rukino rwa mbere Bayern iba itsinze 10-2.
"Penalty hamwe n'ikarata itukura ntibisiguritse kandi biteye isoni," niko umukuru w'aba Gunners Wenger yavuze.
"Umuhagarikizi ntiyitwaye neza. Vyatumye nshavura."
Arsenal yinjiye muri urwo rukino ije kwigwanako ngo irabe ko yoduza ibitsindo mu gihe yari yatsinzwe 5-1 mu Budagi mu ndwi zitatu ziheze.
Aba Gunners baragize icizere inyuma y'igitsindo ca Theo Walcott, munyuma kinyika Koscielny asohowe.
Bayern imaze kwishura igitsindo yari imaze gutsindwa kuri penalty, ibitsindo bine bikurikira vyinjiye nk'imvura mu minota 17 yonyene.
Ntivyabujije munyuma ko umumenyereza Wenger aguma ashigikira umurwi wiwe.
"Muri rusangi biragoye gutegera ivyashitse," niko yabwiye BT Sport.
"Nguma mvuga ko umurwi wanje wakinye cane n'inguvu nyinshi kandi ukina neza."
Mu ntango y'urukino n'inyuma yarwo, abakunzi ba Arsenal baguma bamusaba gutanga imihoho.
Abajijwe ku bijanye n'abamwiyamiriza, Wenger, ashikanye imyaka 67, yagize ati: "Nta na kimwe mfise nongera ku vyo navuze."