Afrika yepfo ntikivuye muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Afrika yepfo cahagaritse ingingo yo kuva muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI), inyuma yaho sentare y'ico gihugu imenyeshereje ko iteye kubiri n'ibwirizwa shingiro.
Mu kwezi guheze, sentare yihweza urubanza rwuko Afrika yepfo ikwiye kuva muri CPI, yafashe icemezo ko iyo ngendo itubahirije amategeko kandi ko ata gaciro ifise.
Afrika yepfo yandikiye umuryango mpuzamakungu Onu mu kwezi kwa cumi, ko yipfuza kuvamwo, isigura ko CPI yama ikurikirana indongozi mu ntumbero yo guhindura ubutegetsi.
Iyo ngingo yari yafashwe inyuma y'induru zadutse kubera urugendo Prezida Omar al-Bashir yagize muri Afrika yepfo mu 2015.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ico gihe ubutegetsi bwaranse gufata Bwana Bashir, mu gihe hari umutahe wa CPI wo kumufata kubera ivyaha vyo mu ngwano akurikiranwako.
Bwana Bashir yari mu nama y'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika i Johannesburg, igihe leta yanse gushira mu ngiro icipfuzo ca CPI co kumufata.
Igihugu ca Gambia naco nyene giherutse guhagarika ingingo yo kuva muri CPI, ku ntwaro ya prezida mushasha Adama Barrow.






