Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Aba 'gay' bakangishwa kwandagazwa
Muri Tanzania hadutse impari inyuma y'aho icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu atangarije abicishije ku rubuga rwa Twitter ko ashobora gusesera agatabi abahuza ibitsina babisangiye mu gushira ahagaragara urutonde rw'amazina yabo bagafatwa kuko barenze amategeko.
Icegera c'umushikiranganji wa Tanzania Hamis Kigwarangalla, n'ubwo atavuze igihe azobikorera, yatangaje ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko azokwandagaza abahuza ibitsina babisangiye/ abo bita aba 'Homosexuels'.
Abagiriza ko mu guhuza ibitsina kwabo bakora ibinyuranye n'amategeko, ndetse bakagurisha bakongera bakamamaza ibikorwa n'abahuza ibitsina babisangiye, bifashashaje uburyo bw'itumatumanako, ivyo vyose ngo bikaba biciye kubiri n'amategeko.
Mu mpera z'iyi ndwi uwo mutegetsi yateranye amajambo n'uwundi muntu akoresha twitter, yamwagirije urwanko no kubuza abandu uburenganzira bwo gukoresha internet.
Imwe mu nyishu yatanze, ico cegera c'umushikiranganji, asanzwe ari n'umuganga, yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye ari nk'impararo y'abanyamuji, ko iyo avuka ata bakora ivyo bahari.
Amajambo ya Hamis Karwangalla akwirikiye ingingo ya leta ya Tanzania yo kwugara amavuriro agera ku 40, atanga imiti yo gupfupfahaza SIDA, inyuma yo kuyagiriza ko ahimiriza abantu kuja muri uyu mugwi w'abahuza ibitsina babisangiye, ibibonwa nk'icaha mu mategeko ya Tanzania gihanishwa umunyororo w' imyaka 30.