Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Itohoza ryasanze umwe ku bagore cumi bababazwa n'imibonano mpuzabitsina
Mu cigwa cokozwe hafi ku bagore 7 000 bafise imyaka 16 gushika 74 bakora kenshi imibonano mpuzabitsina, icegeranyo ca "An International Journal of Obstetrics and Gynaecology" kivuga ko ico kibazo kivugwa mu vy'ubuvuzi-bita dyspareunia- kigwiriye kandi gihanze abagore bo mu myaka yose.
Abagore bari mu myaka ya nyuma y'iza 50 hamwe n'abagishikana 60 bari mu bakunze kugira izo ngorane, bagakurikirwa n'abafise imyaka 16-24.
Abaganga bavuga ko hari imiti ishobora gufasha igihe abagore basavye impanuro ariko benshi ngo basanga bigoye kuvuga izo ngorane kandi bakabifata nk'umuziro, ivyavuye mw'itohoza niko vyerekana.
Umubabaro utewe n'imibonano mpuzabitsina wasanzwe ujana n'izindi ngorane zishingiye ku gitsina, nko kubura amazi mu gitsina, kuba ufise ibiguturubitse igihe c'umubonano, no kutishimira uwo mubonano.
Ngo hashobora kuba n'ibindi bituma bishingiye ku mubiri canke mu mutwe bitera kubabara kandi bigoye kuvura.
Hari abagore bavuga ko batinya kugira imibonano mpuzabitsina ku gutinya kubabara.