Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Swede izohata ibibaza Julian Assange wa Wikileaks
Abashinjacaha bo muri Swede bazohata ibibazo uwashinze urubuga Wikileaks rumena amabanga ya politike, mu ndwi iza muri ambasade ya Ecuador i London.
Bwana Assange amaze imyaka ine irenga yarahungiye mu biro biserukiye Ecuador mu Bwongereza.
Aronderwa na Swede kubera ivyagiriji vyo gusambanya ku nguvu, ariko arabihakana.
Yahungiye muri iyo ambasade atinya kurungikwa muri Swede, agatinya ko ico gihugu coca kimuhereza Leta Zunze Ubumwe za Amerika, zimwagiriza gusuma urusaku kubera amabanga ya Amereka yashizwe ku rubuga Wikileaks.