Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero cahitanye 9 muri Maiduguri
Abantu icenda bishwe abarenga ku mirongo ibiri nabo bakomerekeye mu bitero bibiri vyagabiwe icarimwe mu muji wa Maiduguri mu buraruko bwa Nigeria.
Igitero ca mbere cagabwe mu gitondo ca kare hanze y'ikambi y'abateshejwe izabo, ikindi cakwirikiye gisa n'icari catumberejwe ku gituro c'ibitoro.
Umugwi Boko Haram niwo umaze igihe ugaba ibitero nka ben'ibi mu buraruko bwa Nigeria.
Hagat'aho ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko ryarekuje abana bagera ku 876 bari mu minwe y'igisirikare kubera gukekwako imigenderanire n'uwo mutwe wa Boko Haram.
Abo bana bahoze baba mu duce tugenzurwa na Boko Haram, bari bacungiwe mu makambi ya gisirikare yo mu muji wa Maiduguri.
Leta ya Nigeria imaze imyaka ihanganye n'uwo mutwe wishimikiza amategeko ya ki Islamu wa Boko Haram.