Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivyamwa n'imboga biragabanya ingwara y'umutima
Ubushakashatsi bushasha bwakorewe mu gihugu c’Ubutaliano bwerekanye ko imfungurwa z’abo mu karere ka Mediterranee zigabanya igitigiri c’abapfa hakiri kare mu bagwayi b’umutima.
Ubwo bushakashatsi bwemeje ko abantu barya ivyamwa, imboga n’ifi bigabanya bigabanya impfu za kare ugereranije n’abarya inyama zitukura.
Uwakoze ubwo bushakashatsi yavuze ko, gufungura indya nk’izo bishobora gufasha abagwayi b’umutima, ugereranije n’imiti igabanya amavuta mu mubiri.
Ubushakashatsi bwaheruka gukorwa ku kamaro k’izo ndya, bwaraba ingene zokingira umuntu iyo ngwara.