Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare ba AU baciriwe urubanza muri Somalia
Abasirikare icenda b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika baciriwe urubanza rwo gupfungwa bagiriwe n’icaha co kugurisha igitoro mu gihugu ca Somalia.
Abo basirikare bose bo mu gihugu ca Uganda, baciriwe urubanza rwo gupfungwa hagati y’umwaka umwe n’icenda muri sentare ya gisirikare ya Uganda.
Batatu muri bo kandi birukanywe mu gisirikare.
Bubaye ubwa mbere, sentare ya gisirikare y’ubumwe bwa Afrika, icira urubanza mu gihugu ca Somalia kuva abo basirikare bashitse muri ico gihugu haraciye imyaka icenda.
Uganda ni yo ifise abasirikare benshi muri Somalia bashika 22.000 bari kugwana n’abagwanyi ba Al-Shabab muri ico gihugu.