Maroc: Inzovu yishe umwana w'imyaka indwi

Umwana w'imyaka indwi yitavye Imana atewe ibuye n'inzovu mu gihugu ca Maroc.

Uwo mwana yitavye Imana akaba yari umwigeme.

Ivyo bintu bitangaje vyashitse aho bororera ibikoko ku mugwa mukuru wa Rabat muri Maroc.

Iyo nzovu yakuye ibuye ku ruhome rukikuje ico kibanza, iraritera, kubwo imana mbi rifata uwo mwana.

Uwo mukobwa yaciye anyarukanwa kwa muganga, ariko haheze akanya gato, yaciye yitaba Imana.

Mu kiganiro n'abanyamakuru, abarongoye ico kigo batungiramwo ibikoko, bavuze ko barungitse ubutumwa bwo guhoza umuryango w'uyo mwana, baca bavuga ko ari ubwa mbere ivyo bishitse, ko ico kibanza cubatswe hakurikijwe amategeko mpuzamakungu, ko ibishitse ari impanuka gusa.

Video yerekana uko vyagenze yashizwe ku ruri Youtube.