Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maroc: Inzovu yishe umwana w'imyaka indwi
Umwana w'imyaka indwi yitavye Imana atewe ibuye n'inzovu mu gihugu ca Maroc.
Uwo mwana yitavye Imana akaba yari umwigeme.
Ivyo bintu bitangaje vyashitse aho bororera ibikoko ku mugwa mukuru wa Rabat muri Maroc.
Iyo nzovu yakuye ibuye ku ruhome rukikuje ico kibanza, iraritera, kubwo imana mbi rifata uwo mwana.
Uwo mukobwa yaciye anyarukanwa kwa muganga, ariko haheze akanya gato, yaciye yitaba Imana.
Mu kiganiro n'abanyamakuru, abarongoye ico kigo batungiramwo ibikoko, bavuze ko barungitse ubutumwa bwo guhoza umuryango w'uyo mwana, baca bavuga ko ari ubwa mbere ivyo bishitse, ko ico kibanza cubatswe hakurikijwe amategeko mpuzamakungu, ko ibishitse ari impanuka gusa.
Video yerekana uko vyagenze yashizwe ku ruri Youtube.