Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuririmvyi Koffi Olomide yirukanywe muri Kenya
Umuririmvyi rurangiranwa wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Koffi Olomide, yirukanywe muri Kenya nyuma yo gupfungwa ijoro rimwe
Nk'uko bitangwazwa nk'ikinyamakuru co kuri internet co muri Kenya, Standard Digital, Koffi yasubijwe iwabo muri Kongo ajanywe n'indege ya Kenya Airways, yahagurutse ku kibuga c'indege Jomo Kenyatta isaka 11.35 za Nairobi.
Vyitezwe ko iyo ndege ishika i Kinshasa 13.00 z'amasaha yaho.
Koffi yafashwe ejo yagirizwa gukubita umugere umwe mu batamvyi biwe, bifatwa kuri video yakwirakwijwe kuri internet.
Iyo video niyo yatumye igipolisi ca Kenya kimufata, arazwa mw'ibohero ryo ku kibuga c'indege.
Iyo video igisohoka, Koffi yaciye aja ku mbuga nkoranyambaga asigura ko ahubwo yariko aratabara abatamvyi biwe bari bahohotewe, ngo ntiyashaka kugira uwo akubita.
Ivyo ariko ntivyanyuze Abanyekenya, babandanije bamwiyamiriza ku mbuga nkoranyambaga.
Abajewe ubutungane muri ico gihugu baciye bafata icemezo co kumwaka urusha rwo kwinjira hamwe no kumusubiza iwabo muri Kongo kubera icaha co guhohotera umuntu.
Vyagenze gute
Bivugwa ko uwo mutamvyi yashwanye na Cindy le Coeur, umuririmvyi wa Koffi Olomide amushika ku mutima cane.
Ubwo nyene Koffi yaciye aheba ikiganiro yariko araha abanyamakuru, aza n'ishavu ryinshi ashika atera umugere uwo mutamvyi, imbere y'abapolisi n'izindi ngenzi.
Si ubwambere uwo muririmvyi yagirizwa guhohotera umuntu, akaba yarigeze gushirwa imbere y'ubutungane muri Kongo yagirizwa gukubita uwumutegurira ibiteramo.