Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwarashe abapolisi muri Amerika "yavugira" abirabura
Umugabo yarashe abapolisi batatu mu muji wa Baton Rouge muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yasohoye video avuga ko ababajwe n'ibikorerwa abirabura muri Amerika.
Mw'iyo video avuga ko ababajwe cane n'ivyo abapolisi bakora, ahamagarira abagabo b'abirabura kwitangira ubwoko bwabo.
Gavin Long, yahoze ari umusirikare w'umumarine muri Amerika, yari yafashe video imwe i Dallas haciye iminsi itatu abapolisi batanu bahiciwe.
Yanahamagariye kandi abirabura kwirwanako mu gusesa amaraso.
Uruhagarara i Baton Rouge ni rwose kuva aho umugabo w'umwirabura arasiwe n'abapolisi, haciye indwi zibiri.
Prezida Obama yahamagariye abantu kwigumya.