Odinga aragabisha ku matora y'umwaka uza

Umukuru w'abatavuga rumwe na reta ya Kenya, Raila Odinga aragabisha ko amatora y'umwaka uza atazoba mu gihe abakozi b'akanama kajejwe kuyategura batotanga imihoho.
Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere, yari amaze imisi ahamagarira abanywanyi biwe mu myiyerekano ya buri wa mbere mu gisagara ca Nairobi, basaba ko akanama kajejwe gutegura amatora gatanga imihoho.

Abo bajejwe amatora muri Kenya baranse kwitaba akamo ko gutanga imihoho ahubwo bagasaba ko yobicisha mu nama nshingamateka.
Iyo myiyerekano yaranzwe n'ubugizi bwa nabi harimwo ubusuma n'ibikorwa vy'igipolisi vyo gukubita abayitabiriye nk'uko vyabonetse ku masanamu.






