Omicron: US igiye kuvanaho kubuza ingendo ziva muri Africa y'ubumanuko

Travellers wait in line at the Philadelphia International Airport

Ahavuye isanamu, Reuters

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zigiye kuvanaho ingingo zo kubuza ingendo z'indege ziva mu bihugu munani vyo muri Afrika y'ubumanuko kubera ubwoko bushasha bw'umugera wa coronavirus.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House vyavuze ko izo ngingo zari yafatiwe ibihugu vya Afrika y'Epfo , Botswana, Zimbabwe, Mozambique, Namibia, Lesotho, Eswatini na Malawi ku wa 29 Munyonyo (ukwezi kwa 11) zizovanwaho buca ari umunsi wa Bonane.

Ivyo biro bivuga ko izo ngingo zitagikenewe mu gihe ibitigiri vy'abandura Omicron vyaduze cane muri Amerika.

Ubu ubwo bwoko nibwo bwiganje mu bashasha batorwa ko banduye uwo mugera.

"Izo ngingo zaduhaye umwanya wo gutahura Omicron ubu tukaba tuzi ko incanco zihasanzwe zikora kuri Omicron, cane cane iyo umuntu yaronse urwo gushimangira" , vyanditswe kuri Twitter n'icegera c'umunyamabanga ajejwe ivyo kumenyesha amakuru muri White House Kevin Munoz.

Izo ngingo zari zafashwe ubwa mbere n'Ishirahamwe rya Buraya n'Ubwongereza. Amerika n'ibindi bihugu bitari bike vyaciye bikurikira.

Izo ngingo zaraneguwe cane, umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres akaba yazise ko ari "apartheid mu ngendo".

Izo ngingo ntizabuza Abanyamerika gusubira mu gihugu iwabo bava muri ico gice ca Afrika, zakora ku bantu batari abanyamerika gusa.

Mu gusigura igituma iyo ngingo yafashwe, umujenama mukuru ku bijanye na coronavírus muri biro vy'umukuru w'igihugu White House (Maison Blanche), Dr Dr Anthony Fauci, yavuze mu minsi iheze ko vyari "vyakozwe mu gihe ata na kimwe twari bwamenye" kuri Omicron.

Yavuze ati: "Twese turababazwa cane n'amagume ashobora kuba yashizwe kuri Afrika y'Epfo, no ku bindi bihugu vyo muri Afrika."

Ku ndwi iheze , Canada nayo yakuyeho ingingo zayo yari yafatiye ingenzi z'abanyamahanga ziva mu bihgu 10 vyo muri Afrika.

Umutegetsi yavuze ko ukwiyongera kw'abandura uwo mugera mu gihugu gutuma izo ngingo "zitagikenewe".

Ibinyamakuru vyo muri Canada imbere y'aho vyari vyavuze ko hari abanya-Canada bategerezwa guca baca muri Ethiopia mu gutaha n'ubwo hari inama n'ubu ikiri mu ngiro yo kutagendera ico gihugu co mw'ihembe rya Afrika.

Abaganga muri Afrika y'Epfo -aho Omicron yavuzwe ubwa mbere- bavuze ubu vuba ko kwandura ubwo bwoko bushasha bitera gusa kurwara bibayabaye. Ivyo vyigwa kuva ico gihe vyarashigikiwe n'ivyigwa vyakzwe mu Bwongereza.

Ubwo bwoko bwararandagase kuruta ubundi bwose muri Amerika ariko gushika ubu nta bitigiri buratuma kwongerekana ku baja mu bitaro.

Gushika ubu umuntu umwe wenyene niwe amaze gupfa kw'isano n'ubwoko bwa Omicron: umugabo wo muri Texas afise mu myaka 50 atari yararonse urucanco kandi yari asanzwe agendana izindi ngorane z'amagara.