Kenya -Covid: Abasanze ubuzima bubaye bwiza aho bahungiye igisagara

Ahavuye isanamu, WORLD NEIGHBOURS
- Umwanditsi, Na Vivienne Nunis
- Igikorwa, BBC News
Iyo coronavirus idatera, bishoboka cane ko Jack Onyango aba akiba wenyene, akora ku murwa mukuru wa Kenya hanyuma arungikira amafaranga umugore n'abana biwe iyo baba kw'itongo kure cane.
Nk'abandi banya-Kenya benshi, yagiye Nairobi akiri muto, azi ko ariho hari amahirwe menshi yo kuronka ikikubeshaho kurusha ahandi hose mu gihugu.
Ariko ubuzima mu gisagara ntibwamworoheye. Onyango yashobora gufata urugendo rwo kuja kuraba umuryango mu ntara ya Kisumu mu burengero bw'igihugu rimwe ryonyene mu mwaka.
Yagenda igihe ca Noeli, urugendo rwa bisi akaruriha 2.000 vy'amashiringi ya Kenya (hafi 40.000 vy'amarundi) - aho kandi bakitega ko agenda agemuye vyinshi, birimwo nk'isukari.
Aho coronavirus itereye mu 2020, abategetsi baciye bashiraho ingingo zikaze zo kutava i muhira. Co kimwe n'abandi benshi, Onyango aca asanga ata kazi agifise.
Mu gihe ama reta mu bindi bihugu yahemba igice c'imishasha abantu baba batakaje ubuzi kubera ikiza, muri Kenya iyo mfashanyo ntiyigeze ibaho.

Ahavuye isanamu, Jack Onyango
Avuga ati: "Ntaho nashobora kuvana amafaranga yo kuriha inzu n'ayo gutunga umuryango."
Amaze kubona ko atagishoboye kuba mu gisagara, yaciye afata ingingo yo gusubira ku gatumba iwabo mu kwezi kw'indwi uwo mwaka.
Onyango avuga ati: "Nari mfise ubwoba ariko narahitishijemwo.
"I muhira nta mafaranga yo kuriha inzu, nta matara n'amazi bariha, bitandukanye na Nairobi aho vyose bisaba amafaranga."
Yaciye atangura kurima itomati hamwe n'imboga kw'itongo risumba gato inusu y'ihegitari (0,6ha) ryahora ari irya sekuru.
Ivyo yejeje akabigurisha ku babanyi n'abacuruza, nabo bakaja kubidandaza kw'isoko.
Yambwiye ko ivyashitse atari yavyiteguriye vyahavuye bimuviramwo vyiza.
"Amafaranga nkura mu vyo ndiko ndakora aruta kure ayo naronka mu kazi nakora i Nairobi.
"Umukobwa wanje mukuru afise imyaka 16. Nahora ndababona rimwe gusa mu mwaka. Ubiravye, corona kuri jewe yabaye umuhezagiro."
Kw'itongo yabaye inzira yo kubaho.
Ishirahamwe mpuzamakungu rifasha mw'iterambere World Neighbours rivuga ko ivyo Onyango ariko aracamwo biriko birashikira abandi benshi mu muhindo wo gusubira iyo bavuye bitewe n'ikiza ca Covid.
Chris Macoloo, umuyobozi w'iryo shirahamwe ku mugabane wa Afrika avuga ati: "Covid-19 twese yaduteye giturumbuka.
"Abantu benshi baciye bakurwa mu kazi, kubera baba babayeho ku munsi ku munsi, ntibashobora kuronka ivyo barya, ntibashobora kuriha inzu kandi ntibaronke amafaranga barungikira imiryango yabo.
Bamwe muri bo rero baciye bava mu bisagara basubira ku gatumba (mu cyaro) iyo bari baje bava."
Avuga ko ku gatumba kuri benshi haciye habaha inzira yo kubaho.
"Muri Afrika tubaho dutambikije. Dufise ukuguru kumwe mu gisagara, ukundi nako ku gatumba. Ivyo vyarafashije kuko iyo twaba tutahafise , bari kuba bahuye n'ibibazo bikomeye."
Hafi ubuzi 750.000 bwarugawe muri Kenya mu 2020, nk'uko vyerekanwa n'urwego rw'igihugu rujejwe gutororokanya ibiharuro (National Bureau of Statistics).
Icegerenyo ca vuba c'urwo rwego kivuga ko ibisata bitandukanye vy'ubutunzi vyashegeshwe cane n'ingingo za Covid zo kutava muhira, ku buryo akazi ka minsi yose, uretse ako kurima no kworora ku rugero rubayabaye, kagabanutse ku rugero rwa 4,1%, ni ukuvuga ubuzi burenga miriyoni 17.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu bihe vya mbere vyo kutava i muhira, reta ya Kenya yarabujije uruja n'uruza hagati y'ibisagara binini bimwe bimwe, bica bitera impungenge zo kuronka ivyo kurya ku turere tutimbura vyinshi.
Vyaciye bituma bamwe mu bari bavuye mu bisagara bagasubira ku gatumba nabo baca bijukira kurima imboga.
Ikintu co kwishimira
Geoffrey Barasa n'uwundi munya-Kenya yahevye ubuzima bwo mu gisagara. Uwo mugabo w'imyaka 40 yahora abeshejejweho n'ubuzi bubiri i Nairobi.

Ahavuye isanamu, Geoffrey Barasa
Yakora ubuzi bw'ibiraka muri karitye y'amahinguriro yo muri ico gisagara, akongera agakora urudanzwa rutoya rw'inyama z'inkoko yarangura kw'isoko akaza kuzironderako inyungu mu ka butike gato kiwe.
Yari yaje mu gisagara agiheza ishure avuga ati "gukora mu gisagara ico gihe cari ikintu co kwishimira."
Barasa yarashinze urugo akaba yaba Nairobi n'umugore n'abana bane.
Ariko aho hatangirijwe abantu ba mbere bafashwe na corona muri Kenya, ibintu vyose vyaciye bigenda nabi. Nta kazi yasubiye kuronka, butike yiwe y'inkoko nayo aca arugara.
Barasa avuga ati: Muri ico gihe, nta ruja n'uruza rw'abantu rwariho, nta bakiriya bakwiye naheza ngo ndonke. Nta kundi nari mfise nogira atari ukwugara iyo butike nkagaruka ku gatumba."
"Ico gihe cari kigoye cane."
Mu kwezi kw'icenda yafashe ingingo yo kujana umuryango wiwe kw'itongo iyo avuka mu ntara ya Busia, hafi y'ikiyaga Victoria.
Yaciye atangura kurima imyungu, uburo, itomati n'amashu, ivyo yejeje agaca agurisha ku babanyi. Ubu asigaye yorora kandi ingurube n'inkoko.
"Ubwa mbere nari mfise ubwoba bw'ingene nzoba mu buzima bwa ruguru, ariko ubu merewe neza.
Mbayeho neza kuruta igihe nari Nairobi. Ndanezerewe cane no kuba naragarutse ku gatumba iwacu."
Barasa avuga ko yohanura abandi basubiye ku gatumba muri iki gihe c'ikiza kugumayo burundu.
"Sinobahanura gusubira mu gisagara."
Nta kibura uruhande rwiza
Ku bwa Macoloo, ikiza ca coronavirus gitumye buba ubwa kabiri muri iyi myaka ya vuba abanya-Kenya bafata akanya ko gusubira kwibaza neza ivyo "kwishiramwo ko ibintu vyera de mu gisagara".
"Mu gihe c'intureka y'inyuma y'amatora mu 2007-08, abantu benshi barasubiye ruguru kugira barabe ko boronka ingene babaho.
Avuga ati: "Ariko ibibazo vy'amatora vyaranyarutse gutorerwa inyishu gusumba kandi imirimo y'ubutunzi ntiyahagaze co kimwe n'ubu."
"Umutekano umaze kugaruka, ntibatevye gusubira kwivyukiranya."
Yongerako ati : "Nta n'umwe yokwiteze ko hari ivyiza vyovuye ku kiza ca coronavirus."
"Ntawari avyiteze, vyarashitse uko, kandi nibaza ko bitoducika. Bavuga ko burya igicu cose naho cirabura kitabuze aho gisa n'umwakaka. "










