Covid19-Kenya: Musenyeri Peter Ambuka yanebaguye prezida Uhuru Kenyatta

Ahavuye isanamu, KENYA PRESIDENCY
Inyuma y'imisi mike reta ya Kenya ihagaritse uruja n'uruza mu ntara zitantu mu ntumbero yo gutuza coronavirus, umuvugabutumwa w'i Nairobi yanebaguye prezida Uhuru Kenyatta kuri iyo ngingo.
Musenyeri Peter Ambuka wo mw'ishengero Pefa mu karere a Kahawa West yavuze ati:"Wewe prezida n'abo muri kumwe muri politike ni mwe mukwiye kubazwa ivyerekeye iyaduka ry'ubwo bwoko bushasha bwa coronavirus."
Yongeyeko ko abanye Kenya benshi bagiye kumeregwa nabi kubera "ingingo zabo zagiye zirafatwa zitihwejwe neza".
Musenyeri Ambuka avuze ati:"Mwabandanije kubaho mu buzima bwanyu bwiza mwifashishije amakori tudasiba gutanga n'igihe tuba twakaje ubuzi."
Yavuze ko igihe ibiharuro vy'abandura vyagabanuka mu mpera z'umwaka uheze, Prezida Kenyatta n'umukuru w'abatavuga rumwe na reta Raila Odinga baciye batangura isekeza ryo guhindura ibwirizwa shingiro, ryakoranya abantu benshi.
Icegera ca Prezida William Ruto, yiyamiriza ko ibwirizwa shingiro rihinduka na we yarakoze amakoraniro.
Vyabaye ibintu "bikomeye bikwiragiza ivyo ngwara, nk'uko Ambuka abandanya abivuga.
Uwo musenyeri kandi avuga ko ingingo zishasha ziherutse gushirwaho na prezida zidakwiye zisa n'izishaka kugumiza abanye Kenya mu mazu no mu mukwabu.
Yavuze ati:"Isekeza ryo gupima no kwikingira ni ryo rishobora gutuma dusubira mu buzima busanzwe."
Muri Kenya abantu bamaze kugwara Covid-19 barenga 130.000, abarenga 2,000 bakaba bamaze gupfa.
Mu ndwi iheze, ishirahamwery'abaganga ryavuze ko ibitanda vyuzuye mu bibanza bakiriramwo indembe, vyinshi bikaba vyarimwo abagwayi ba Covid-19.










