Kenya-Covid: Kudatembera mu masaha y'ijoro bizobandandanya ayandi mezi abiri

Ahavuye isanamu, KENYA PRESIDENCY
Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yongeye ayandi mezi ibiri ku kiringo c'umukwabu wo mw'ijoro uhera isaha zine ugashikana isaha cumi zo mu gitondo mu ntumbero yo kwirinda ukwiyongera kw'abandura umugera wa Covid-19.
Muri Kenya haheze hafi umwaka abantu batarekuriwe gutembera mw'ijoro, ariko umukuru w'igihugu avuga ko kwongereza ico kiringo bikenewe kubera ukwiyongera kw'abandura.
Ububare n'amazu y'uburiro azoguma arekuriwe gukora gushika isaha zitatu z'ijoro muri ico kiringo.
Umukuru w'igihugu yanahagaritse kandi amakoraniro yose ya poritike mu kiringo c'iminsi 30.
Gushingura uwapfuye bitegerezwa gukorwa mu kiringo c'amasaha 72, abantu bateranga 100 akaba aribo barekuriwe kwitaba urubanza rwo guherekeza uwapfuye. No ku rubanza rw'ubugeni ntibazorenga abo.
Ibitgiri vy'abandura muri Kenya bimaze igihe vyiyongera uko hongerekana amakoraniro ya poritike aho ingingo zo kwirinda Covid zitubahirizwa uhereye no ku banyaporike bo hejuru. Ubu rero umukuru yaciye ategeka ko abanyaporitike bose batubahiriza izo ngingo bafatwa, hatarabwe igihagarararo cabo.
Mu kwezi kwa mbere handura abantu badashika ijana ku munsi, ariko mu kwezi kwa gatatu ibitigiri vyaraduze gushika ku 750 ku munsi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Kenya yavuze ko igihugu kimaze gutakaza mirayaridi 5,1 z'ama dollars mu 2021 kubera ingingo za Covid-19 . Avuga ko zafashwe kugira birinde impfu z'abantu bashobora gushika 150.000 n'abantu barenga umuriyoni bari kuba banduye gushika kuri Noel iheze , nk'uko bigereranywa n'abahinga.
Yavuze ko butunzi bwiyongeye kuri 0.6% kuri 6.2% bari biteze. Ubu igihugu citeze izamuka ringana na 7% mu 2021.
Gushika ubu Kenya iharura abantu 1899 bamaze kwicwa na Covid-19 n'abarenga 111.000 bamaze kwandura uwo mugera.










